Jump to Navigation

Ligne verte(appel sans frais):  +257 22 27 71 21

Discours d'inauguration du siège CNIDH ( en kirundi )

  • Nyakwubahwa Cegera ca mbere c’umukuru w’igihigu,
  • Banyakwubahwa Bashingamateka,
  • Banyakwubahwa bakenguzamateka,
  • Banyakwubahwa bashikiranganji,
  • Nyakwubahwa userukira uwuserukira umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakungu mu Burundi,
  • Banyakwubahwa muserukira ibihugu vyanyu mu Burundi,
  • Banyakwubahwa bakomiseri bo mu murwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu,
  • Bashingantahe namwe bapfasoni muri mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike,
  • Batumire bahire,

 

Ni iteka ridasanzwe ku murwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu kubona kuri uno musi uri hejuru dukoraniye kuri iyi ngoro abarongoye igihugu baherutse kugenera uno murwi kugira ngo ufashe bimwe bishemeye guteza imbere ikingirwa n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu. Birahimbaye kubona turiko turasozera iyi ndwi yari yahariwe agateka ka zina muntu twibuka ibiri muri ya mateka mirongo itatu amakungu yemeza igenekerezo rya 10 Kigarama 1948, maze iyo ndwi tukayisozera twinjira iyi ngoro y’agateka ka zina muntu mu Burundi. Iyi ndwi yari ihambaye. Yarahurije ku kivi ubushingiranganji bujejwe gufatana mu nda, agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira ufatiye ku bitsina, hamwe n’imirwi ikurikirana ubutungane n’agateka ka zina muntu mu nama nshingamateka, ibiro bikurikirana agateka ka zina muntu vy’ishirahamwe mpuzamakungu ngaha mu Burundi, amashirahamwe adaharanira inyungu za politike, hamwe n’uwu murwi wigenga w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu. Kuri uno musi w’ukwinjira iyi ngoro, twaje ngaha tuzanywe n’ishaka ryuzuye. Twese turajwe ishinga n’uguterera kugira ngo igihugu cacu gikomeze amahoro. Turiko duharanira ko Abarundi bosubiza hamwe. Turazi neza ko Abarundi n’Abarundikazi bafise ingoga zikwiye kugira ngo banagure iki gihugu cacu giheze gitengamare, kibandanye gitera imbere. Uravye ivyo Uburundi bwacu bwaciyemwo, ukuntu bene Burundi bicanye, ibitari bike bigasambuka, abantu bakangara gushika n’aho akarangamutima k’Abarundi gatituka, hagasigara umengo nta kirazira, birakenewe ko abantu benshi bijukira imigambi ishobora kunagura igihugu cacu.

Twagomba rero dushimire abantu bose bagize uruhara mw’ishirwaho ry’uwu murwi. Abo mu nzego za leta baritanze, abo mu nama nshingamateka na nkenguzamateka baravyigorera gushika aho haboneka itegeko rigena uwo murwi, naryo rikaba ryubahiriza ku buryo budasanzwe ibisabwa n’inama mpuzamakungu mu vyerekeye akaranga k’umurwi utegerezwa guhuriramwo bose, ukigenga ntutamikwe ijambo n’intumbero, ugakingirwa bikwiye, ukaronka uburyo bukwiye bw’amategeko, bw’ibikoresho n’amafaranga. Aho duca hose baratangarira itegeko Uburundi bwashizeho bakarifata nk’urugero ibindi bihugu vyorabirako. Ivyo ntivyari gushoboka iyo abari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike batava hasi kandi badacika intege kugira ngo hashingwe umurwi wotera iteka igihugu mu makungu. Abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi barafashije hamwe n’ibiro vy’uwuserukira umukuru w’inama mpuzamakungu mu Burundi. Abo bose bagize ico baterera twagomba tubakengurukire tubasaba ngo babandanye bafata mu mugongo uwo murwi, ukomere, utere intambwe ziboneka  kuko ikivi ari ica kare, mukaba muzi mwese iyo Uburundi buvuye.

Muri iyi myaka 50 ya nyuma, ibintu bitari bike vyarahindutse muri iki gihugu cacu. Ni ko harabaye bimwe bijanye n’iterambere kandi n’ubu tukaba turiko turabandanya uravye umwete abarongoye igihugu bafise buri musi. Ariko hariho n’ibindi vyinshi vyahindutse mu migenzo no mu mibano, abantu barahava baramenyera kurerekana, kwikekana, gukumirana, n’ukwicana. Ivyadushikiye si ukuvuga ko vyatuguye ko giturumbuka. Ni ibintu vyaza buhoro buhoro nk’inyonko, abantu barahava baricana bitwaza ubwoko canke intara. N’abasangiye ubwoko barahavuye baracanamwo, bamwe baricana. Ni ko hariho ivyo abazungu bagizemwo uruhara, ariko na twe turafise uruhara mu kuntu ivy’igihugu bitunganywa, mu kuntu indinganizo y’intwaro iba iyiha ikibanza n’ijambo abantu bose aho babaye. Ivyo twaciyemwo ntituravyibagira. Amaraso yasesetse ni menshi. Abataye izabo bagahunga ni benshi. Abahohotewe gushika n’aho basinzikarizwa ubuzima canke bagahahamuka si bake. Imigenzo myiza y’Ikirundi yaratitutse, abarongoye inzego zimwe zimwe z’igihugu barata akaranga mu kuntu bakora ibiteye kubiri n’ibanga inzego barongoye zishinzwe.

Nta wobihisha, mu gihe c’intambara usanga vyose vyasenyutse, ibipfa bigapfa, abantu ugasanga baratakaza ingoga z’umutima, ivyo bahora bashobora kwihanganira canke gutorera umuti mu mahoro bigasigara bivyara induru, nazo zikazana intambara, izo nazo zigakwega ubwicanyi. Umutima wo kwizerana uca uyonga, abantu bakarangwa n’ukwikekana n’ukwinubana. Umwe wese aca arondera kuba nyamwigendako, abantu bakarondera kwigungirako, abakuru ntibabe bagitunganiriza bose. Akarenganyo gaca kiganza kakimonogoza. Umutima wo gukunda igihugu, umutima wo kwihebera abandi n’uwo kwitaho aho umuntu abaye uratituka. Bimwe biranga umuntu yiyambitse kandi akagendera akaranga k’ubuntu birayonga. Abantu baraheza bakama mu bwoba nk’uko umengo barahahamutse. Mugabo burya inda woyibarira uwayirayeko. Waracunywe bufuni na buhoro ukumva ukuntu bibabaza ntiworeka kugira ubwoba. Murazi neza ukuntu abantu bateba bagashika aho bakora ibintu vy’ububisha bisiga ubwenge nka bwa bwicanyi bwo mu Gatumba bwaba mu kwezi kw’icenda canke rya yicwa rya Bukuru Léandre hariya mu ntara ya Gitega n’ibindi biteye agahinda umuntu yumva aha na hariya. Abantu barahava bagacika intenge mu kubona ko igihugu kitava mu ntambara ngo giheze, abiba bakabandanya basahura, abarya ibiturire bakabandanya bimonogoza, maze abibereye muri ivyo ntibaronke umutima wo kwubaka igihugu bubakira bose kandi batunganiriza bose. Kubera agasigarira k’ingwano n’itakara rya ka karanga mutima k’ubuntu, abantu basigara bakora ibintu biteye isoni, abakenyezi bagakubagurwa, abana bagahohoterwa, bamwe bakanashurashuzwa n’abantu bobakingiye kandi mu buryo buteye agahinda.

Mugabo igihugu ntigipfa ngo gihere. Ni ivyo mwibonera mwebwe nyene, Abarundi batari bake baranyotewe amahoro. Baripfuza gutekanirwa. Baripfuza gutunga bagatunganirwa. Bashaka guha ubuzima bwabo intumbero nshasha nziza kugira ngo bijukire iterambere riremesha imiryango yabo n’aho babaye. Harakenewe rero igikorwa kidasanzwe co gusubira kunagura igihugu cacu kugira ngo gisubire kigendere ku karangamutima k’ubuntu, na ko kagasaba kwo twiga tukamenyera kwubahiriza agateka ka zina muntu, kandi mu nzego zose z’ubuzima n’iz’igihugu. Turakeneye gusubira gutsimbataza indero ishingiye ku gateka ka zina muntu kugira ngo dushobore gusanasana igihugu cacu, kinage gitere imbere.

Muri iryo naguka, harakenewe rwose ko dusubira kwumva ko hari kirazira. Turakeneye gusubira guha ikibanza gikwiye ikintu citwa itegeko. Ibwirizwa nshingiro n’ayamandi mategeko ni ibintu bikonganiriza hamwe ivyipfuzo nyamukuru Abarundi bafise ku mutima. Iryo bwirizwa n’ayo mategeko aba yarafashe umwanya ukwiye wo guhanuza Abarundi, inama nshikiranganji ikayitondera, abaserukira abanyagihugu mu nama nshingamateka na nkenguza mateka bakayahwebuza imbere yo kuyemeza, umukuru w’igihugu nawe akayashirako igikumu. Ibwirizwa nshingiro n’ayandi mategeko y’igihugu ategerezwe kuba ubuhungiro bw’Abarundi n’abandi bantu bose baba muri iki gihugu. Amategeko ategerezwa gukingira bose, abakuru n’abandi bantu basanzwe, abatunzi n’abatifise, abagendana ubumuga, abatama n’abatamakazi, ba nyamwema, imirwi y’inkehwa, abana, abagore, ba ntahonikora, abarwaye, abanyororo, eka bose na twese. Dutegerezwa gusubira kw’iyubahirizwa ry’amategeko n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu. Dutegerezwa gushika ku rugero aho uwaburaniwe n’uwarenganijwe ahungira ku bashinzwe umutekano aho kubahunga.

Dushaka ko Abarundi n’Abarundikazi bose hamwe n’abandi bantu bose Uburundi buhaye indaro basubira kwizerana. Dushaka ko Abarundi n’Abarundikazi bose basubira kwiyumvamwo igihugu cabo bakitaho kucubaka. Ba sokuru bacu barashira imbere ubuntu, ukuba umuntu w’ijambo, ukuba umuntu w’ibanga. Gusubira kuba abantu babona ineza bakayikunda bisaba kwitanga.

Twebwe abo muri uyu murwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu turabashimiye rwose. Turakengurutse ukuntu Abarundi bose, abarongozi b’igihugu n’abandi bantu b’imboneza batwakiranye igishika. Uyu murwi wacu ni mushasha, uracakeneye vyinshi. Ariko urafise ishaka.

Nkundire rero ndangize nkengurukira nyakwubahwa Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yemeye guhagurukira uyu mugirwa akadutera iteka adushigikira kw’izina ry’igihugu. Aradushikirira umukuru w’igihugu amumenyeshe uluntu tumukengurukira. Yari yaripfuze kwibera ngaha we nyene iyo adafatirwa n’urundi rubanza rwo guserukira igihugu. Turabakengurukiye mwese.

Tugire twese agateka ka zina muntu.

 

Frère Emmanuel  NTAKARUTIMANA

 



Toutes nos publications

Pages

Main menu 2

Dr. Radut Consulting