+257 22 27 71 21 (Hamagara kubuntu) | +257 22 27 71 20 (standard) | +257 68 22 67 67 (whatsapp) Email: cnidh@cnidh.bi Kirundi Kirundi Français Français English English
Inkuru zigezweho..
Le rapport annuel des activités de la CNIDH réalisées en 2023 insuffle des améliorations à faire Rapport annuel de la CNIDH, édition 2023

CNIDH » Umwidondoro

Umurwi w'igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu ni urwego rw'igihugu rwigenga rwashizweho n'ibwirizwa n°1/04 ryo kuwa 5 Nzero 2011. Nta rwego na rumwe rwa Reta rushobora kuwutegeka ingene urangura imirimo yawo. Ibisata vya Reta vyose bitegerezwa kuwufasha mukuwushigikira muvyo ukenera.

Umurwi ugizwe n'abantu indwi batowe n'Inama Nshingamateka bakagenwa n'Umukuru w'Igihugu ku kiringo c'imyaka ine. Abakomiseri bitaba inama bo nyene ntawe baserukira. Abakomiseri bafise ikinga rituma baburanishwa imbere ya sentare ntahinyuzwa kandi ikiringo c'imirimo yabo ntawushobora kugifuta kiretse mubitegekanijwe n'amategeko.

Umurwi utwarwa n'ibiro Nshingwabikorwa bigizwe n'abantu batatu: Umukuru w'Umurwi, Icegera c'umukuru w'umurwi n'umunyamabanga kandi urafise ibiro ntayegayezwa. umurwi urashobora kwugurura aho ukorera mugihugu hagati.

Sangiza