- Haraheze iminsi Umurwi wigenga w’igihugu ujejewe agateka ka zina muntu CNIDH ushikirizwa imyidogo y’abigisha bamwe bamwe ngo bashaka kwinjizwa ku nguvu mu Runani rw’amasendika mu ntumbero yo gufatana mu nda, COSSESONA mu mpfunyapfunyo. Umurwi w’igihugu wigenga CNIDH utaratororokanya ivyemezo vyose bishoboka mu guhinyuza ko ibivugwa ari vyo canke atari vyo.
- Umurwi CNIDH uribukije ko gushinga no kwinjira mw’ishirahamwe ari uburenganzira atari agahato. Ubwo burenganzira burarekurira umuntu gushinga ishirahamwe, kuryinjiramwo canke kutaryinjiramwo.
- CNIDH iribukije ko Amasendika ni amashirahamwe aharanira inyungu rusangi harimwo uburenganzira bw’abakozi n’abakoresha mu bisata barimwo.
- CNIDH iribukije kandi gushinga sendika no kuyijamwo birubahirijwe n’amasezerano mpuzamakungu Uburundi bwashizeko igikumu hamwe n’amategeko agenga igihugu cacu.
- Amasezerano mpuzamakungu yerekeye uburenganzira mu buzima bwa misi yose n’ivyapolitike, mu ngingo yayo ya 22 agace ka mbere, riratomora ko « umuntu wese afise uburenganzira bwo kwiyunga n’abandi atagahato harimwo nko gushinga amasendika no kuyinjiramwo kugira akingire inyungu ziwe ». Amasezerano y’ishirahamwe mpuzamakungu ry’akazi OIT inomero 87 ku vyerekeye ubwigenge no gukingira uburenganzira bw’amasendika, mu ngingo yayo ya 2 aratomora ko : « abakozi n’abakoresha, ata numwe avuyemwo, bafise uburenganzira, ata ruhusha babanje gusaba, bwo gushinga amashirahamwe bipfuza no kuyinjiramwo, gusa bakubahiriza amategeko ayagenga (statuts).
- Ibwirizwa shingiro ry’Uburundi, mu ngingo yaryo ya 19, riha agaciro k’amategeko amasezerano mpuzamakungu Uburundi bwashizeko igikumo. Riratanga kandi mu ngingo ya ryo ya 37 uburenganzira bwo gushinga amasendika no kuyinjiramwo hamwe n’uburenganzira bwo guhagarika akazi (droit grève).
- Itegeko rigenga akazi mu Burundi riratanga na ryo nyene uburenganzira bwo gushinga amashirahamwe. Mu ngingo ya 7 y’iryo tegeko handitse ngo : « Amasendika n’urunani rwayo bishingwa ata gahato kandi no kwinjira muri ayo masendika birarekuwe ku bakozi n’abakoresha ».
- Itegeko n°1/015 ryo ku wa 29 Munyonyo 2002 rigenga amasendika na yegereyegere mu kazi ka Reta riratomora ko Abakozi ba Reta bafise uburenganzira bwo kwitunganya ata gahato mu masendika mu ntumbero yo guharanira inyungu z’imyuga bakoramwo.
Ingingo ya 5 y’iryo tegeko nyene iributsa ko uburenganzira bwo gushinga no kwinjira mu masendika ata gahato karimwo.
- Twihweje amategeko y’igihugu na mpuzamakungu, kwinjira mw’ishirahamwe ni
ku bushake bw’umuntu nico kimwe no kurivamwo. Nta ngingo nimwe y’itegeko ikandamiza abantu canke imirwi y’abantu kwinjizwa mw’ishirahamwe ku nguvu.
10. CNIDH yashizeho umurwi w’abantu 5, ugizwe n’ abakomiseri 3 n’abandi bakozi 2 bo muri uwo Murwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH, kugira batohoze ku myidogo ihari bongere babaze abarongoye urwo runani uko ibintu vyifashe n’icabitumye ; icegeranyo bakazogishikiriza mu kiringo kitarenga iminsi 7.
- Mu kurangiza, twashaka tumenyeshe abo bose bipfuza kwitura CNIDH kugira bashikirize inkuru zijanye no guhohotera agateka ka zina, na cane cane ku vyerekeye uburenganzira bwo gushinga no kwinjira mu masendika uzobakirana urweze amasaha 24/24, iminsi 7/7. Hari uburyo bukurikira bwo kutwitura : (1) kuvyandika, (2) kuza ukabishikiriza ku biro bikuru i Bujumbura canke mu buserukizi bwa CNIDH buri i Gitega, Ngozi na Makamba ; (3) guhamagara ku mu rongo utariha 22277121 hiyongerako kandi WhatsApp 68 22 67 67.
“Twese hamwe, duteze imbere agateka ka zina muntu”.
Umukuru w’Umurwi wigenga CNIDH
Dr Sixte Vigny NIMURABA
Document en français
Vyanditswe: 10/01/2020 à 14h01min
